ads

ads

ads ads

@rwandatoday, Amamaza hano +250 788 625 932...

Tanzania: Perezida Magufuli yirukanye umukozi wa leta watabuye Ikorowani

by ADMIN 11 February. 2020 @rwandatoday 1K Views


11022020090600_110864583_pombe_magufuli.jpg
ADVERTISEMENT



Perezida John Magufuli wa Tanzania amenyesha ko yirukanye burundu mu kazi umukozi wa leta yatabuye igitabo ceranda c'Ikorowani, maze akwiragiza isanamu ku mbuga hwaniro ariko arayitabura.

Yatangaje iyo ngingo uno munsi mu gihe yari mu birori vyo kwugurura ibiro vy'akarere ka Kigamboni mu gisagara ca Dar es Salaam.

Ati: "Nyakwubahwa Jafo, hirya y'ejo niho numva, ko hari umuntu hariya i Kilosa yatabuye igitabo ceranda".

"Ndagushimiye cane kubona warafashe ingingo yo kuba uramuhagarika, ariko jeho ndamwirukanye burundu. Mwandikire ikete ko yirukanywe burundu".

"Atsinda urubanza canke atsindwa, uyo ntakiri umukozi wa leta, ntidushobora kubandanya dukorana n'abakozi b'ibijuju nk'abo muri ino leta".
ADVERTISEMENT

Magufuli avuga ko atazorenza ibiringo vyiwe bibiri, ababanyi nabo bo...
Magufuli yatanze ikigongwe ku bapfungwa barenga 5000
Nkurunziza yoherereje ubutumwa bwihariye Magufuli.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bw'intara n'amakomine, Selemani Jafo, yategetse ko umukozi w'ibiro vy'akarere ka Kilosa mu ntara ya Morogoro, Daniel Elimringi, ahagarikwa, ku caha co gutabura igitabu c'idini rya Isilamu, Ikorowani.

Jafo ati: "Ni ukuri, iki kintu cakozwe n'umukozi nk'uyu nta ciza kizanira igihugu cacu kubera abanyagihugu bacu mu madini yose basanzwe babanye mu mahoro kandi bubahana mu butandukane".

Iyo ngingo ya Jafo yafashwe inyuma y'aho isanamu yerekana uyo mukozi wa leta mu gisata c'ubudandaji mu biro vy'akarere ka Kilosa ariko aratabagura ico gitabo, ikwiragijwe ku mbuga hwaniro zitandukanye.

Ikinyamakuru Mtanzania co muri ico gihugu kimenyesha ko uyo mukozi yamaze kurengutswa muri sentare, kandi ko yankiwe kuburana yidegemvya.

Ico kinyamakuru gitangaza ko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa ku wa 20 z'uku kwa kabiri

ADVERTISEMENT
Mountains
ADVERTISEMENT


Avatar

Authors get paid when people like you upvote their post.
If you enjoyed what you read here, create your account today and start earning FREE STEEM!

Facebook Comments


VIDEO







Nature
by : Aline UWITONZE 21 February, 2020










FACEBOOK


Our main page @Rwandatoday.rw loves your style! We are looking for ladies just like you to feature this winter in our collection! Check out my link and lets chat about getting you featured

TWITTER

ADS
ads

Kwamamaza




Contact

Join Us

Links